Mu nkuka y-imisa yahereje kuri uyu w-Imana muri cathedrale Regina Mundi , Musenyeri Joachim Ntahondereye ,umwungere mukuru wa Diyoseze ya Muyinga akaba anasanzwe arongoye inama nkuru y-abepisikopi katolika mu Burundi atangaza ko irya ngingo yafashwe yo kubuza amakinga, amapikipiki n-ama Tuk-Tuk ari ingingo ishobora gukwega amacakubiri hagati mu barundi y-abatunzi n-abakene.
Musenyeri Ntahondereye ati :«Ko turi muri iki gisagara ca Bujumbura, turaziko hariho n-imyidogo ivuye kuri wa muti urura abari batunzwe n-amakinga , amapikipiki n-ama Tuk-Tuk baherutswe kuramizwa. Hakaba hatabuze ko uwo muti watanzwe ushobora kuvyara amacakubiri hagati y-abakire n-abakene. Ingwara mbi y-amacakubiri iguma idukwirikirana mu buryo butandukanye »
Nkuko abandanya abivuga, nuko abarongozi bafata ingingo boza bamenya yuko abo bayoboye bakenera gufungura , kwambara no kubaho.
Uwo arongoye inama nkuru y-abepisikopi katorika mu Burundi asaba indongozi ko naho zise irya ngingo «umuti urura» ko zokwama zigabiye kuyisokora mu gihe zosanga itorohereza abo zirongoye. Abayifatiwe nabo abasaba ko batogumuka ahubwo bakabandanya bashikiriza ingaruka z-irya ngingo mu rupfasoni.