NEWS

Inama Petero NKURUNZIZA yari yavuze ko atazokwitaba yasivye

By

on

Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko yari itegekanijwe gutangura kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 30 Munyonyo 2018 yungururijwe ku rindi sango ritaramenyeshwa.

Iyo ngingo y’iyunguruzwa ry’iyo nama ihejeje gushirwa ahabona n’ubuyobozi bwa Afrika y’ubuseruko, bikaba biteba n’uko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yari yamaze kumenyesha ko atazokwitaba iyo nama, kubera ataronse umwanya w’ukwitegura, akaba yasiguye mw’ikete yandikiye abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, ko ubutumire bwamushikiriye butevye. Uburundi bwari bwasavye ko iyo nama yokwunguruzwa.

Amategeko y’inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko avuga ko iyo nama iba ari uko abakuru b’ibihugu vyose baba bitavye, uwutitavye ubwiwe wenyene akarungika intumwa.

Tubamenyeshe ko n’inama y’abashikiranganji b’imigenderanire yari yabaye kuri uwu wa kane Uburundi butaserukiwe.

Recommended for you