NEWS

Inama nshingamateka y’Uburundi yiyamirije ivyavuzwe na FAKI Mahamat Moussa

By

on

Inama nshingamateka iratera ivyatsi amajambo yashikirijwe n’umukuru w’umurwi w’ubumwe bw’Afrika, FAKI Mahamat Moussa igihe yamenyesha ko abonako ku mutahe mpuzamakungu wasohowe w’uguhagarika Petero BUYOYA, hashobora kwaduka ivyoza bitosekaza ubumwe bw’Abarundi hamwe n’ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi (CVR).

Mu vyashikirijwe na FAKI Mahamat Moussa, n’uko imitahe y’uguhagarika abagirizwa igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE ico ari igikorwa ca CVR. Inama nshingamateka imenyesha ko ivyo vyavuzwe na FAKI Mahamat Moussa aatari ukuri, kuko Uburundi butari mu ntambara.

Kubw’inama nshingamateka y’Uburundi, ubutungane buriko bubandanya igikorwa bwari bwatanguye. Mw’itangazo ryashikirijwe kuri uwu wa gatatu n’umuvugizi w’inama nshingamateka, Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje ko umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi ata burenganzira ufise bwo guhagarika ibikorwa vy’inzego z’ubutungane na cane cane urwego rukuru rw’ubucamanza bw’igihugu.

Inama nshingamateka y’Uburundi ibandanya imenyesha ko yiyamirije ibishikirizwa ko ingingo z’ubutungane zafashwe na Parake nkuru ya Repuburika zishimikiye ku mvo za poritike canke ugushaka gusamaza Abarundi. Iyo nama nshingamateka isaba amashirahamwe mpuzamakungu kureka kwivanga mu bibazo vyega Abarundi ubwabo bijanye n’ubwigenge bw’igihugu, iranasaba kandi ko ayo mashirahamwe yoreka ubutungane bw’Uburundi bugakora.

Abantu 17 nibo baheruka kurungikirwa imitahe mpuzamakungu y’ukubahagarika n’ukubarungika mu Burundi kugira bashikirizwe ubutungane. Muri abo, twobabwira nk’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Major Petero BUYOYA, Major Bernard BUSOKOZA yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, hamwe na Antoine NDUWAYO yahoze ari umushikiranganji wa mbere. Abo barungikiwe imitahe y’uguhagarikwa biyongera ku bandi bane bahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, bakaba barahagaritswe, bapfungiwe mu mabohero atandukanye yo mu gihugu c’Uburundi.

Ndadaye Melchior yishwe kuuwa 21 z’ukwezi kw’icumi, inyuma y’amezi atatu arongoye Uburundi. Urubanza rwa mbere rwumvirijwe inyuma y’imyaka hafi itatu yishwe. Rwamaze imyaka ibiri ruburanishwa imbere y uko rwubikwa muri gasamburamanza mu mwaka w’1999.

Ubwicanyi bwakurikiye ihirikwa ry’ubutegetsi n’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu NDADAYE bwahitanye abantu barenga ibihumbi amajana atatu, nk’uko icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU co mu mwaka w’1996 kibivuga.

Urubanza Inomero 023/RMP.G. / 339/BL/NTC/BA rwaheruka kuvugwa ubwa nyuma mu mwaka w’1998. Abagera kuri 20 barapfunzwe bagirizwa urupfu rw’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE. Babiri bitwa ko bari bafise amapete akuze yari ayo aba “Lieutenant”, abasigaye bari barikiri “Caporal”. N’aho bagirizwa urwo rupfu, barabihakana bakisigura ko ari abasirikare bato bakurikiza amategeko y’ababarongoye. Yamara urubanza rukiburanishwa, abasirikare b’amapete akuze, nka Colonel Ntakije Charle yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi, umuhisi Colonel BIKOMAGU Jean yari arongoye ibiro bikuru vya gisirikare, na Colonel Nibizi Isaie yari arongoye Camps Muha yabamwo abasirikare bacungera umukuru w’igihugu. Abo bose inyuma y’ukwumvirizwa baciye bambikwa izera n’ubutungane. Urwo rubanza ntigwashimishije umuryango wa Melchiol NDADAYE umushingwamanza Segatwa Fabien awuburanira yavuga ko bitumvikana ingene mu basirikare bakuru bakuru atawafashwe, n’abatumweko n’ubutungane bumvirizwa bidegemvya.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.

Recommended for you