NEWS

Inama nshingamateka ya Buraya Ihamagarira Abategetsi b’Uburundi Kurekura Germain Rukuki.

on

Mw’itangazo ryagiye ahabona ejo ku wa 03 Rusama 2018, Inama Nshingamateka ya Buraya iraba ibijannye no kwubahiriza agateka aka zina muntu, uwuserukira iyo nama Nshinagamateka ya Buraya, Pier Antonio Panzeri , yamenyesheje ko Uburundi bworekura Gerain Rukuki, uwusanzwe aheruka gukatirwa gufungwa imyaka 32 na leta y’i Bujumbura.

Pier Antonio Panzeri yamenyesheje ati: “Ndarajwe ishinga cane n’urubanza rubabaje Germain Rukuki yaciriwe, yagirizwa ‘ukugumuka’ no ‘guhungabanya umutekano w’igihugu’. Mu gihe ata vyemeza vyerekana ko ivyo yagirizwa ari ukuri, uru rubanza yaciriwe biboneka ko ari ingingo y’abategetsi yo kunigira mu menshi Umushingantahe Rukuki, maze mu gukora gutyo, hakaba uguhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi haba no ku Bamenyeshamakuru“.

Pier Antonio Panzeri akaba akandi yamenyesheje ko yifatanije n’Abarundi bahanzwe n’uguhonyanga agateka ka zina muntu hamwe nokubura umwidegemvyo wo kuvuga, kugira ibikorane vya politike mu mwidegemvyo n’amahoro.

Germain Rukuki akaba yaciriwe gufungwa umunyororo wo gufungwa imyaka 32 ku wa 26 Ndamukiza 2018. Inama Nshingamateka ya Buraya ikabona ko urwo rubanza ruri mu bibandanya bikorwsa mu guhonyanga agateka aka zina muntu mu Burundi.

Recommended for you