NEWS

Inama Nkuru y’Umutekano yahagaritse ivyo kwirukana ababa ku Buterere.

on

Mu gihe hari hafashwe ingingo yo kwirukana abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Buterere, ahari ikibanza co gutunganirizamwo imicafu(Stationnd’epuration), Inama Nkuru y’umutekano(Conseil national de Securite, CNS) y’igihugu c’Uburundi yahagaritse iyo ngingo ivy’agateganyo.

Iyo ngingo ya CNS isaba ko hobanza kuba ivyigwa vyitondewe neza kugira habe igishikwakwo ntihagire abajaniranwa niyo ngingo.

CNS ikaba yamenyesheje ko hakwiye kuba akanya ko kwihweza ko hari abahaba mu buryo budaciye mu mategeko n’abahaba mu buryo nyabwo.

Ayo maparcelle akaba asabwa na leta y’Uburundi ko abo banyagihugu bokinjura.

Mwokwibuka ko abo banyagihugu bari baheruka gukora imyiyerekano yo kwiyamiriza iyo ngingo yo kubirukana mu mazu yabo.

Iyo myiyerekao bakaba bari bayikoreye ku biro vy’umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana.

Kurikirane ngaha iryo tangazo ry’Inama Nkuru y’umutekano w’igihgugu c’Uburundi. Iryo tanagzo rikaba ryasomwe na Silas Ntigurirwa.

Recommended for you