NEWS

Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano iriyamiriza imishamirano hagati y’imigambwe

By

on

Ivyo bikaba vyavuye mw’itangazo ryasomwe n’umunyamabanga mukuru w’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, General de Brigade Silas Ntigurirwa, kur’uyu wambere. Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano ikaba yasanze abarongoye imigambwe batumva umugambi wo gukomeza amahoro n’umutekano.

Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano ikaba yafashe ingingo yo gutunganya amanama yo guhimiriza abarongoye imigambwe gustimbataza amahoro n’umutekano, igikorwa izofatanya n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati no gukundisha igihugu.

Mwomenya ko mu karuhuko gaheza iyi ndwi irangiye habaye imishamirano cane cane hagati y’abanywanyi b’imigambwe CNL na CNDD-FDD aho twovuga nko muri Giteranyi intara ya Muyinga, muri karitiye Musama, Ruziba, Kajiji muri zone Kanyosha aho ingoro z’iyo migambwe zononwa, mu Giteranyi naho, umuntu umwe arapfa uwundi arakomereka.

Mur’iryo tangazo Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano ikaba yasanze kandi ko hari abikika mu kiza mu kunyegeza no kuduza ibiciro vy’ibinyobwa vy’ishirahamwe Brarudi. Iyo nama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano ikaba yaciye isaba ubushikiranganji bw’ubudandaji gukurikirana neeza ico kibazo mu ntumbero yo kugarukana ibiciro bizwi vy’ibinyobwa.

Recommended for you