NEWS

Inama Nkenguzamatela irabeshuza amakuru yo gushiraho ikori ku bakoresha internet!

on

Muri iyi misi hariko hakwiragira ibihuha ko leta y’Uburundi yoba igiye gushiraho ikori ku bakoresha imihora ngurukana bumenyi nka za WhatsApp na za Facebook, umuvugizi w’Inama Nkenguzamateka,Gabby Bugaga, yabeshuje ayo makuru ko atari ibigiye kuba.

Ivyo vyakurikiye inyuma y’ijambo Reverien Ndikutiyo, umukuru w’Inama Nkenguzamateka, yavuze yidoga ko abakoresha imihora ngurukana bumenyi bamara umwanya munini kuri iyo mihora hama ‘bakibagira ibihambaye cane kuruta’.

Kubera amakuru ariko anyuragira hirya no hino hamwe n’ubwoba ku Barundi batanashika ibice 40% kw’ijana bakoresha iyo mihora, umuvugizi w’Inama Nkenguzamateka,Gabby Bugaga, yahavuye atanga umuco kuri ayo makuru atariyo.

Gabby Bugaga yamenysheje gutya: “Nyakubahwa Reverien Ndikuriyo Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ntiyanka ko abantu bakoresha Imihora ngurukana bumenyi Ahubwo n’inkebuzo kugira abantu bahe umwanya akazi, ikindi Ibiciro bishingwa n’ababijejwe siwe agikora, yari imvugo ngereranyo, inkebuzo”

Ivyo mwomenya kandi n’uko ibihugu bimwe bimwe vyo muri EAC bimaze gushiraho ikori ku bakoresha imihora ngurukana bumenyi nka za Whatsapp, Twitter na Facebook. Aho twofata akarorero ko mu Buganda aho uwukoresha iyo mihora ngurukana bumenyei usanga asabwa kuriha muri leta mafaranga y’amarundi yababa 300 ku musi!

Recommended for you