NEWS

Imyiyerekano Yo kwiyamiriza Urugendo Rwa Willy Nyamitwe Muri Maine, USA.

on

Mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ariko arakorayo urugendo, na cane cane mu gisagara ca Maine, mu gace ka Portland. Abarundi b’abimukira baba muri ico gisagara ca Portland barakoze imyiyerekano ejo ku musi wa gatandatuu biyamiriza urwo rugendo rwa willy Nyamitwe. Departement ya USA ikaba itaremeza ibijanye n’urwo rugendo rwa Nyamitwe muri Amerika.

Nkuko ikinyamakuru Press Herald kibimenyesha, abarundi bari hagati ya 25 na 30 barakoze iyo myiyerekano muri Portland biyamiriza ugushaka kwa willy Nyamitwe kwo kwimurira umuryango wiwe muri ico gisgara ca Maine, muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Naho hari imbeho iriko irabica bigacika mu ma Leta amwe amwe ya USA, abo bakoze iyo myiyerekasno ntibaretse ngo ico gikonyozi kibabuze gushikana ubutumwa bwabo buhambaye. “Ntidushobora kuguma tunumye”, niko Philemon Dushimire yiganiye Press Herald.

Philemon Dushimire avugwa ko ariwe yateguye iyo myiyerekano kugira biyamirize Willy Nyamitwe kubera ko Leta yagiye aserukira yagirizwa n’amakungu gukora Ubwicanyi bw’agahomerabunwa, ihohotera mu vy’igitsina n’ayandi mabi.

Abakoze iyo myiyerekano bakaba batashimye ko amasanamu yabo n’amajwi vyabo bija ahabona, kubera gutinya ko imiryango yabo yasigaye mu Burundi ikurikiranwa. Press Herald itangaza ko Willy Nyamitwe ari muri ico gisagara ca Maine aho yagiye kugendera umuryango wiwe ugizwe n’umugore n’abana biwe babiri baba mu gisagara ca Portland, aho bishoboka ko bariko barondera ubuhungiro. Willy Nyamitwe wewe akamenyesha ko ari kwumvisha umugore n’abana biwe ko botahuka mu Burundi.

Abarundi batari bake baba muri Amerika bariko baraja hamwe kugira biyamirize ishaka rya leta y’Uburundi ryo guhindura ibwirizwa Shingiro, aho twovuga amashirahamwe amwe amwe nka Burundian Community of Texas(BTC), Burundian Community Association Of Maine( BCAM) n’ahandi.

Recommended for you