NEWS

Imyiyerekano yaratunganijwe kur’uyu wa gatandatu yo kwiyamiriza amaradiyo RFI, TV5 Monde na Le Monde

By

on

Iyo myiyerekano yari itunganijwe mu ntara zose kur’uyu wa gatandatu ikaba yarigamije kwiyamiriza amaradiyo n’amatelevision atatu y’abanyaburaya ariyo RFI, TV5 Monde na Le Monde. Ivyo binyamakuru bikaba vyagirizwa kuba vyarahaye ijambo mundwi iheze umupfasoni Marguerite Barankitse yagirizwa kurwanya Leta irongowe na President Nkurunziza Pierre.

Iyo myiyerekano ikaba yahamagajwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politique yegereye ubutegesti. Iradiyo RFI yumvikana misi yose mu Burundi ikaba ataco irabivugako mu gihe urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora rwagabishije iyo radiyo ko yarenze amategeko mu guha wenyene ijambo Marguerite Barankitse arongoye ikigo Maison Shalom gifasha impfuvyi ariko cugawe m’Uburundi. Ivyo bimenyeshamakuru bikagirizwa n’urwego CNC guhengama mur’ico kiganiro vyakoresheje.

Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa m’Uburundi, Laurent Delahousse, yarashitse mur’iyo myiyerekano arasaba ijambo ariko baramwankira niho guca aha ikiganiro abamenyeshamakuru bari ngaho. Laurent Delahousse yababwiye ko ibimenyeshamakuru vy’abafaranse biha ijambo bose ko abakeneye kuvugira ku maradiyo na television z’abafaransa ko bahawe ikaze.

Recommended for you