NEWS

Imyiyerekano i Goma na Beni isaba ko Abarundi bariyo batahukanwa mu Burundi.

on

Mu gihugu kibanyi n’Uburundi, arico Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, na cane cane mu duce twa Goma na beni hariko haba imyerekano ikomeye.

Muri iyo myiyerekano iri mi Goma na Beni, abiyerekana bakaba basaba ko Abarundi bari muri ivyo bice birukanwa bagataha mugihugu cabo c’amavukiro.

Abiyerekana kandi basaba ko hoba ugutahukana abasirikaere ba ONU bari muri MONUSCO bacungersa umutekano mu gihugu ca Kongo.

Ikinyamakuru co muri Kongo dukesha iyi nkuru kimenyesha ko abiyerekana bavuga ko Abarundi baba muri utwo turere babangamiye umutekano wabo banyekongo mu duce twa Goma na Beni.

Isoko ry’iyi nkuru kandi rimenyesha ko abo Barundi basabwa kwirukanwa ari abo muri wa murwi wabo kwa Zebiya birukanwwe mu Burundi bagirizwa guteza akajagari mu ntara ya Kayanza i Businde.

Mwomenya kandi ko Leta y’Uburudni nayo iheruka kwirukana Abakongomanani batari bake baba mu Burundi badafise ivya ngombwa.

Leta y’Uburundi ntaco iravuga kuri ivyo bisabo vy’abariko bakora imiyertekano muri Goma na Beni ko Abarundi bariyo bokwirukanwa.

Recommended for you