NEWS

Imyimenyerezo Ya Gisirikare Ya Afrika y’Ubuseruko Yarangiye.

on

Mu ntumbero yo kugwanya imirwi y’iterabwoba mu bihugu bigize Afrika y’Ubuseruko, hama hatunganijwe imyimenyerezo ya gisirikare ku bwingabo za Afrika y’Ubuseruko(EASF:East African Standby Forces).Imyimenyerezo ikaba yarangiye uyu musi mu gihugihugu ca Sudani y’Epfo.

Imyimenyerezo nkiyo iragirwamwo uruhara n’ingabo ziva mu Burundi,Sudani y’Epfo,Somalia, Djibouti, Kenya,Uganda, Seychelles, Amazinga ya Comoro, Etiyopiya n’Urwanda.

Nkuko Ikinyamakuru Xinhua Online kibimenyesha,Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Sudani y’epfo yamenyesheje ko izo ngabo zama zigavye kugira zihangane n’iterabwoba mu bihugu bimwe bimwe vy’akarere.

Uwurongoye EASF, Ambassaderi Issimail Chanfi, yamenyesheje ati: “Iyo myimenyerezo yerekanye ko ingabo za Afrika y’Ubuseruko EASF zigeze ku rwego rwo hejuru mu bijanye n’ukwivuna umwansi, kandi ko izo ngabo za EASF zishoboye kurungikwa ahakenewe mu bijanye no kugarukana amahoro”.

Uwo mugwi w’ingabo zama zigavye zo muri Afrika y’Ubuseruko washizweho kuva mu mwaka wa 2004, ukaba ujejwe kubungabunga amahoro n’umutekano vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Recommended for you