Kubw-amakuru tukesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi,muri komine Mugina neza na neza ku kibuga c-umupira co ku Muyebe havurwa imisore myishi y-urwaruka rw-imbonerakure irenga 250 yahegeranirijwe mu ndwi yahera kugira itangure gukoreshwa imyimenyerezo ya gisirikare ibifashijwe n-abamwe mubajejwe umutekano. Abanyagihugu n-abajejwe intwaro bo mw-ako gace bamenyesha ko vyabateye ubwoba ivy-iyo myimenyerezo y-urwo rwaruka.
Nk-uko bivurwa n-abanyagihugu bo ku Muyebe, n-uko iyo misore y-imbonerakure irenga 250 yatanguye kuzanwa kw-ico kibuga c-umupira w-amaguru guhera kuwa gatanu igenekerezo rya 28 Ndamukiza uw-umwaka bakaba bazanwa n-imiduga y-umunyamabanga w-umugambwe CNDD-FDD mu ntara hamwe n-uwurongoye igendereza mu ntara.
Nk-uko amasoko yo kwizera aturuka mubariko bakoresha iyo myimenyerezo ya gisirikare abivuga n-uko ngo imbonerakure zitabiriye iyo myimenyerezo ya gisirikare zituruka mu ntara za Cibitoke,Bubanza, hamwe na Kayanza.
ˮBari bacaguwe mu bandi. Abasanzwe bubatse baronkejwe amafaranga 50.000FBU umwumwe basigira imiryango imbere yo kuza. Iyindi misore nayo igiye gusangayo vuba bagenzi babo‟bitomorwa neza n-ayo masoko y-inkuru twahawe.
Inyuma yuko ayo makuru yahavuye amenyekana ahatari hake , urwo rwaruka rw-imbonerakure rw-umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD rwahavuye ruca rusubizwa iwabo rwurizwa imiduga ine y-igipolisi.
Naho atawoca avyemeza ubunyene , biravurwa ko iyo myimenyerezo ya gisirikare ku rwaruka rw-imbonerakure yoba igamije mu kwitegurira kuyijabukana mu gihugu ca Congo mu guhiga imihari y-abarwanyi y-abarundi ngo yoba yiteguriye gutera igihugu c-uburundi.