INTERNATIONAL NEWS

Imyimenyerezo Ya Gisirikare Hagati Ya USA na Koreya Y’Epfo Igiye Kubandanya.

on

Naho hariko haboneka ibimenyetso vy’uko izinga rya Koreya rishobora kuronka amahoro, ibihugu vya Leta zunze Ubumwe za Amerika na Koreya y’Epfo bigeye kubandanya imyimenyerezo ya gisrikare, naho Koreya ya Ruguru yoyo ibona ko iyo myimenyerezo ari ukwitegurira intambara yo gutera Koreya ya ruguru.

Bikaba vyitezwe ko umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru abonana na mugenziwe wa Amerika na Koreya y’Epfo aribo Donald Trump na Moon Jae- In mu bibanza kitaramenyekana. Bikaba kandi vyari vyitezwe ko Amerika na Koreya y’epfo bohagarika iyo myiyerekano mugihe Kim Jong Un yemera ko ibigwanisho ruhonyanganda yobiheba mu gihe umutekano w’igihugu ciwe wokwubahirizwa.

Iyo myimenyerezo yama ifise intumbero imwe nayo akaba ari ukwitegura hagati ya USA na Koreya y’Epfo yo kwivuna ibitero vyoba bije biva muri Koreya ya Ruguru. Iyo myimenyerezo ikaba yitezwe gutangura itariki 1 Ndamukiza 2018,nk’uko France24 ibimenyesha.

Abihweza ibintu n’ibindi bakaba babona ko atacimirije kuva mu biganiro vyitezwe hagati ya Donald Trump na Kim jong Un kubera iyo myimenyerezo ya gisirikre isubiriye kubandanya. Kandi bikaba bigaragara cane ko yaba Koreya ya Ruguru na Amerika ata numwe yiteguriye kurekurira uwundi, ahubwo ko uguhangana gushobora kubandanya gushika ku ntamabara yohavura yandukira isi yose.

Recommended for you