INTERNATIONAL NEWS

Imyimenyerezo ya Gisirikare Hagati Ya Amerika Na Korea Y’Epfo Ibonwa Nko ‘Gusomborotsa Intambara’.

on

Kuva ejo ku musi wa mbere itariki 21 Myandagaro 2017, ibihugu vya Koreya y’Epfo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika biriko birakora imyimenyerezo ya gisirikare yo mu buryo buhanitse aho hakoreshwa ubuhinga buhanitse bwa Ordinateri mu kwerekana ko bariko bategura ibitero biva muri Koreya ya Ruguru, aho ni mu gihe hasanzwe hari ukurabana ayingwe hagati ya Koreya ya Ruguru na Amerika.

Mu gihe Amerika na Koreya y’Epfo bavuga ko ari uburyo bwo kwikingira, Koreya ya Ruguru yo ibona iyo myimenyerezo nko kwitegurira gutera Koreya ya Ruguru. Nkuko bimenyerewe, leta ya Koreya ya Ruguru yama igira ico ikoze kuri iyo myimenyerezo yama yabaye buri mwaka. Ikinyamakuru kimwe ca Koreya ya Ruguru, Rodong Sinmun ,catangaje ko “iyo myimenyeerezo ya gisirikare itera itegura intambara y’ibigwanisho ruhonyanganda, kandi bisa no gusesa amavuta ku muriro”.

Nkuko vyama bigenda, Koreya ya Ruyguru yama yishura mu buryo bukaze iyo myimenyerezo. Mu mwaka uheze 2016 muri Myandagaro, koreya ya Ruguru yishuye mu buryo bwo kurungika iki missile biciye ku bwato buca munsi y’amazi( sub-marine), maze ica ikora igeragezwa rya gatanu rya missile, ivyo biba inyuma yaho iyo myimenyerezo ya gisiriakare irangiye.


Ivyo biri uko mu gihe Koreya ya Ruguru imaze kugerageza mwene vya bi missiles bigenda iyindi migabane bibiri mu kwezi kwa Mukakaro 2017, aho Umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaciye avuga ko Koreya ya Ruguru yohuye n’ “uburake n’umuriro” mu gihe yohirahira igatera ubutaka bwa Amerika. Maze Koreya ya Ruguru ikaba yari yamenyesheje ko izorungika missiles zine mu micungararo y’izinga rya Amerika ariryo Guam riri muri Pacifique.

Naho abantu bamwe bamwe bamaze gutangura kwibaza ko Koreya ya Ruguru izohava ikora igitero co kwivuna aribwo bwa mbere kubera iyo myimenyerezo, abandi bahinga nyabuna babona ko nyabuna USA na Koreya y’Epfo bariko bakora iyo myimenyerezo kugira bakinge ivyo bitero bishobora kuva kuri Koreya ya Ruguru.

Recommended for you