Imyidogo ni myishi mu bigisha baheruka gukora ikibazo ca Leta bise co «gusuzuma ubumenyi bafise». Imvo y-iyo myidogo nuko abo bigisha bahawe ibibazo bidahuye n-ivyo basanzwe bigisha . Abo bigisha bakabona bakaba kandi banegura ico kibazo catanzwe, kuko kubwabo ko ata ntumbero gifise uretse kumaramaza abigisha bakabivuga bafatiye ku kuntu ata manota avuye mw-ico kibazo babwiwe ko batazokwerekwa.
Abo bigisha bakoze ico kibazo co mu bice bitandukanye vy-ibice bitatu vya mbere vy-ishure shingiro bavuga ko batangaye cane babonye bahawe mu kibazo ibivyirwa vyakuweko ku rutonde rw-inyigisho . Umwe mu bigisha bakoze ico kibazo co kusuzuma ubumenyi bafise asigura ko hari n-ibibazo bahawe bitigishwa muri ivyo bice bitatu vy-amashure shingiro. Uyo mwigisha avuga uku :«Dusanga harimwo ivyo bita ama discours, discours direct na indirect., dusanga kandi harimwo voix passive na voix active aho ni mu gifaransa kandi ivyo vyirwa barabikuye ku rutonde rw-ivyirwa vyigishwa mw-ayo mashure. Hama dusanga mu gifaransa nyene baciye bazana ibijanye naya réforme nshansha yo mu myaka ya mbere n-iya kabiri , ivyo navyo hariho abigisha babigiriye formation n-abandi atayo bagiriwe. Mu biharuro, bazanye ivyirwa bigisha mu mwaka w-icenda bita Equations n-ama fonctions , ivyo nukuri ntana hamwe bihuriye nivyo mu mashure y-intango twigisha»
Ikindi kinegurwa n-abo bigisha nuko batabona intumbero ico kibazo bakoze kuri uyu wa gatanu gifise kuko batabajijwe kuvyo basanzwe bigisha abanyeshure , bagatangazwa nuko babwiwe ko ata manota avuye mw-ico kibazo bakoze bazokwerekwa .