Sunday, May 28, 2023
HomeNewsImyidogo ni myishi mu bigisha baheruka gukora ikibazo bise co «gusuzuma ubumenyi...

Imyidogo ni myishi mu bigisha baheruka gukora ikibazo bise co «gusuzuma ubumenyi bafise».

Imyidogo ni myishi mu bigisha baheruka gukora ikibazo ca Leta  bise co «gusuzuma ubumenyi bafise». Imvo y-iyo myidogo nuko abo bigisha bahawe ibibazo bidahuye n-ivyo basanzwe bigisha . Abo bigisha bakabona bakaba kandi banegura ico kibazo  catanzwe, kuko kubwabo ko ata ntumbero gifise uretse kumaramaza abigisha bakabivuga bafatiye ku kuntu ata manota avuye mw-ico kibazo babwiwe ko batazokwerekwa.May be an image of 3 people, people sitting and indoor

Abo bigisha bakoze ico kibazo co mu bice bitandukanye  vy-ibice bitatu vya mbere vy-ishure shingiro bavuga ko batangaye cane babonye bahawe  mu kibazo ibivyirwa vyakuweko  ku rutonde rw-inyigisho . Umwe mu bigisha bakoze ico kibazo co kusuzuma ubumenyi bafise asigura ko hari n-ibibazo bahawe bitigishwa muri ivyo bice bitatu vy-amashure shingiro. Uyo mwigisha avuga uku :«Dusanga harimwo ivyo bita ama discours, discours  direct na indirect., dusanga kandi harimwo voix passive na voix active aho ni mu gifaransa kandi ivyo vyirwa barabikuye ku rutonde rw-ivyirwa vyigishwa mw-ayo mashure. Hama dusanga mu gifaransa nyene baciye bazana ibijanye naya réforme nshansha yo mu myaka ya mbere n-iya kabiri , ivyo navyo hariho abigisha babigiriye formation n-abandi atayo bagiriwe. Mu biharuro, bazanye  ivyirwa bigisha mu mwaka w-icenda  bita Equations n-ama fonctions , ivyo nukuri ntana hamwe bihuriye nivyo mu mashure y-intango twigisha»

Ikindi kinegurwa n-abo bigisha nuko batabona intumbero ico kibazo bakoze kuri uyu wa gatanu gifise kuko  batabajijwe kuvyo basanzwe bigisha abanyeshure , bagatangazwa nuko  babwiwe ko ata manota avuye mw-ico kibazo bakoze bazokwerekwa .

Must Read