Imyaka yo gukukuruka mu bakozi ba Leta igiye kuba 60 mugihe yahora ari 65 ku bakozi bose bo mu bisata bitandukanye. Ivyo bikaba vyavuye mu nama nshikiranganji yakoranye mu ndwi twasozereye. Bamwe mu bakozi bavuga yuko iyo ngingo ije kubashira mu ngorane zidasanzwe kuko bafashe amadeni y’amabanki aho naho ntibizoborohera kuyishura.
Naho bigiye kugenda ukwo, Bamwe mu bakozi ba Leta bariyamiriza iyo nteguro y’itegeko ritegekanya kubarungika mu karuhuko k’izabukuru ku myaka 60 ni mugihe igice kinini c’abakozi bari basanzwe bakukuruka ku myaka 65 y’amavuko.
Umwe mubakozi akorera mu bushikiranganji bw’indero afise ubu imyaka 54 y’amavuka avuga ko iyo ngingo ije kubashira mu ngorane zidasanzwe kuko benshi muri bo bafise amadeni y’amabanki ikitazoborohera kubandanya bayariha. Abivuga uku :«ni amaganya n’agahinda kabisa burya nuko tutagira aho tuvugira tutavuga ngo twotuma umushingamateka atuvugire nabonyene turamaze kubona ko ataho bafise bavugira . ubu benshi abakozi ba Leta bari mu madeni yo kwubaka. Nkubu warasavye ideni muri banki ryo kwubaka bakaguha imiriyoni 20 ukaba warumaze kuriha zitatu usigaje nk’imyaka 2 kugira ukukuruke wumva kugira uzoyarihe bizokworoha? Leta aho hantu ihagabire ntihave isanga igire idufungishe kubera ayo madeni»
Abo bakozi bagasaba umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye kutemeza iyo ngingo maze bazobandanye kuja mu karuhuko k’izabukuru ku myaka 65 y’amavuko nkuko vyahora.