NEWS

Imyaka ine irarangiye ihirikwa ry’ubutegetsi ryo mu 2015 rirangiye

By

on

Kw’igenekerezo rya 26 ndamukiza 2015 niho imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Président Nkurunziza yatangura. Umugambwe CNDD-FDD waruhejeje kumushira imbere ngo azokwitoze mu matora yategerezwa kuba mur’uwo mwaka nyene kw’itariki 25 ndamukiza 2015. Abatwara amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’imigambwe itavuga rumwe na Leta bati azoba arenze amasezerano ya Arusha n’ibwirizwashingiro riyakomokako.

Imyiyerekano yaciye itangura mu gisagara ca Bujumbura ica iza guhagarara itariki 13 rusama 2015 hashatswe guhirikwa ubutegetsi na General Godefroid Niyombare yahoze atwara urwego rw’iperereza afadikanije na General Cyrille Ndayirukiye. Ariko iryo hirikwa ntiryakunze kuko hari abasirikare batari barishigikiye intambara ica ibera ku bibanza bikomakomeye vy’igihugu nk’iradiyo nkuru y’igihugu.

Abantu bashika 500 barahitanywe niyo mishamirano y’abanyeporitike nayo abantu barenga 270 000 barahunga igihugu dufatiye kubiharuro vya ONU. Ubu ibiganiro vyari vyatangujwe n’akarere ka EAC vyarahagaze. Abanyeporitique bakaba bariko bitegurira amatora yo mu 2020. Amakungu n’akarere bagashima kw’ikibazo c’ibiringo catorerewe umuti ko ayo matora nayo yojamwo bose kandi akaba mu mahoro impunzi nazo zigataha.

Recommended for you