NEWS

Imyaka itanu iraheze Umwami Mwambutsa 4 akuwe mu kuzimu

on

Ubutumwa bwatanzwe n’umuganwa Ildephonse RUGEMA, kw’izina ry’umuryango w’inda y’ingoma mu Burundi, kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Rusama 2017, umunsi bibuka imyaka ibiri iheze Umwami Mwambutsa wa 4 azuwe, agakurwa mu kuzimu, n’ubu akaba atarahambwa.

Barundi, Barundikazi

Duherutse kwibuka mu kwezi guheze, itariki 29, imyaka 45 ihaciye, Umwami wa nyuma w’Uburundi NTARE V NDIZEYE agandaguwe bunyamaswa ataco azira, tukaba tutazi iyo yatawe gushika uno munsi.

Ubu naho twagira tubibutse kandi tubamenyeshe ko imyaka ine iheze Umwami MWAMBUTSA IV BANGIRICENGE (Se w’Umwami Ntare V) yazuwe abuzwa amahoro y’abitavye Imana kw’tariki 13/05/2012, ubu akaba akiri hejuru y’isi!

Umwami Mwambutsa IV ariwe Sebarundi abarundi baheruka, yari yariyandikiye Testament (icipfuzo ca nyuma) yashikirije Notaire aho yari yaratse ubuhunzi aho muri Suisse avuga ko niyitaba Imana, asavye kuzoshingugwa muri commune ya Meyrin yabamwo aho mu gihugu ca Suisse kandi ko “ Uko bigenda kwose ko ikiziga (Ibisigarira) ciwe kitotahanwa i Burundi canke ahandi ahariho hose” nkuko yavyiyandikiye muri testament.

Ariko, inyuma y’imyaka 35 yaritavye Imana (Umwami Mwambutsa yitavye Imana itari 27/04/1977) Leta y’Uburundi ifatikanije na bamwe mu muryango bashaka guhonyanga no kuvuguruza icipfuzo ca nyuma (Testament) c’Umwami Mwambutsa IV kubera imvo za politike, baramuzuye bidaciye mu mategeko n’ubutungane, kw’itariki ya 13/05/2012 ngo kugira batahane ibisigarira vyiwe bishingurwe mu Burundi ngo “bizotume abarundi basubira kwumvikana” bamusabe n’ikigongwe!

Barundi benewacu! Ivyo mubona bishoboka? Har’ico itahukanwa ry’ibisigarira vy’Umwami MWAMBUTSA IV vyofasha kugira abarundi bave mu ndyane bari mwo???

Dusavye dushimitse ko abo bafise impari n’imanza kw’izurwa n’itahukanwa ry’ibisigarira vy’Umwami, bokwisubirako bagaha icubahiro c’abitavye Imana uyo Mwami Sebarundi, tugasubira kumushingura aho yifuje ko hoba INGANZO yiwe aho muri Suisse.

Turasavye leta y’Uburundi ireke umuryango w’Umwami Mwambutsa IV n’Abarundi bose babona ko hakozwe umuziro utarengwa wo kuzura uyo muvyeyi wacu twese yari Sebarundi, ihagarike izo manza zerekeye ico kibazo c’itahukanwa ry’ibisigarira vyiwe, batureke dusubire kumushingurana iteka tugabanye imivumo yiwe namba itamaze kudushwara mwo!!!

Ibi ntaho vyari bwakaboneke aho umuntu, uwo ariwe wese nkeswe Umwami azurwa akamara imyaka 5 irenga ari hejuru y’isi abuzwa amahoro y’abitavye Imana!

Nivyaba vy’ukuri Leta y’Uburundi n’Abarundi bagomba gusaba ikigongwe Umwami MWAMBUTSA IV yangajwe akicigwa abiwe (Umuhungu wiwe w’imfura akaba incungu ya independence y’Uburundi, Umuganwa Ludoviko Rwagasore, Umuhungu wiwe Umwami Ntare V (Ndizeye Karori) tutazi iyo yatawe, Mwene wabo Umuganwa Ignace Kamatari, eka n’abandi barundi bose bishwe kuva intwaro y’Ubwami itembagajwe gushika uno munsi; tubahanuye ko inzira nziza yo gusaba ikigongwe Umwami MWAMBUTSA IV, ar’uko abarundi bosubira ku ntwaro y’Ubwami ishingiye kw’Ibwirizwa Nshigiro nkuko yayisize, hanyuma Umwami asubire ahangame ku Ngoma y’Uburundi, abarundi basabe ikigongwe Umwami muzima.

Umwami MWAMBUTSA IV yangajwe n’intwaro y’icaduka ya Republika.
Ntitubona ingene, aba muzima canke atari muzima, yokwemeye kugaruka ku ntwaro ya Republika yamwangaje, ikamwicira abiwe, hari mwo n’abarundi isinzi babandanya bicwa, abandi barangajwe bagorewe inyuma y’igihugu cabo c’amavukiro.

NONE ABO BAMI BACU BARIKO BAZIR’IKI?

Abarundi ni dutunganye akahise kacu ata kinyoma, niho tuzobona iyo tuja.

Utazi iyo uva ntumenya iyo uja.

TUGIRE IMANA, UMWAMI, UBURUNDI

Recommended for you