MUSIC

Imyaka 38 irarangiye umuririmvyi Bob Marley yitavye Imana

By

on

Umuririmvyi Bob Marley akaba yavukiye mu gihugu ca Jamaïque itariki 6 ruhuhuma 1945 mu gisagara ca Nine Miles. Akaba yarasohoye indirimbo nyinshi zo mu mudiho wa Reggae, izo ndirimbo kenshi zagwanya akarenganyo n’agahotoro, indirimbo ziwe zahamagarira umwidegemvyo, urukundo no kwiyunga kwa Afrika. Akaba yashoboye kudandaza indirimbo zirenga imiriyoni 200 kw’isi nubu zikaba zibandanya kugurishwa.

Mugihu c’Uburundi naho nyene abarundi batari bake baramwibuka aho indirimbo kenshi ziwe zica ku maradiyo no kumaterevision. Ibiteramo bitari bike bikaba vyari vyatunganijwe kur’uyu wa gatandatu aho bibuka umusi yitaba Imana.

Ariko abaririmvyi benshi baririmba Reggae mu Burundi bakaba barahunze kuva aho habereye imyiyerekano yo mu 2015 kuko bitashoboka ko haba ibiteramo kandi benshi murabo baririmvyi bakaba barahohotewe kuko indirimbo zabo zabonwa nkizihamagarira kugumura abanyagihugu ufatiye ku vyiyumviro vya Bob Marley.

Uwo muririmvyi akaba yagiye kwitaba Imana mu gisagara ca Miami muri Leta zunze Ubumwe bwa Amérika ahitanywe n’ingwara ya cancer aca ahambwa mu gihugu ciwe ca Jamaïque aho abantu barenga 500 000 baje kumuherekeza.

Recommended for you