NEWS

Imyaka 14 iraheze Abanyamulenge 166 biciwe mu Burundi

on

Imyaka 14 yakwiye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 13 Myandagaro 2018 habaye ubwicanyi bwahitanye impunzi z’abakongomani b’abanyamulenge bagera kw’ijana na mirongo itandatu na batandatu (166). Mu birori vy’ukwibuka abo banyamurenge bagandaguwe, yaba uwuserukira ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa AC Genocide Cirimoso, yaba uwuserukira abacitse kw’icumu n’imiryango y’ababuze, bose basaba ko ubutungane bw’Uburundi na mpuzamakungu bwokora, kugira abagandaguye abo bantu bashengezwe mu butungane.

Abo banyamurenge basaba ko ubutungane bw’Uburundi na mpuzamakungu kubatunganiriza, abakoze ubwicanyi mw’ikambi y’impunzi y’abanyamurenge mu Gatumba bamenyekane kandi bahanwe.

Mw’ijambo yashikirije igihe abanyamurenge bibuka imyaka 14 iheze habaye ubwo bwicanyi, umukuru w’umuryango w’abanyamurenge David Munyamahoro yavuze ko ubutungane ataco bwakoze ngo abiyemereye ubwicanyi bahanwe.

David Munyamahoro yavuze ko bazoguma baririra Uburundi n’amakungu kuko gushika ubu ubutungane ataco burakora ngo ukuri kumenyekane,kuri ubwo bwicanyi bwahitanye abanyamurenge 166.

Mwomenya ko ivyo birori vyatangujwe no gushira ingori z’amashurwe ku cibutso cabo banyamurenge, bishwe kw’igenekerezo rya 13 Myandagaro 2004, birangizwa n’amasengesho yabereye mw’ishengero rya Zion Temple.

Mu mugambwe FNL urongowe na RWASA Agathon, ari nawe yagirizwa ubwo bwicanyi, bavuga ko ubwicanyi bw’abo banyamulenge bwobazwa abajejwe umutekano bari mu makambi abiri, imwe y’abaporisi, n’iyindi y’abasirikare bari bacunze iyo kambi y’impunzi z’Abanyamulenge, batigeze basohora urusasu na rumwe mu gihe abo banyamulenge bariko baragandagurwa. Muri uwo mugambwe bavuga bati : “Umukuru w’ikambi y’abasirikare bacunga ico kibanza niwe yobibazwa ubwa mbere, kandi ategerezwa kuba afise kuba afise ico abiziko.”

Recommended for you

5 Comments

  1. how to get help in windows 10

    May 30, 2019 at 2:22 am

    Hey There. I found your blog using msn. This is a really well
    written article. I will be sure to bookmark it and come
    back to read more of your useful information. Thanks for the post.
    I will definitely return.

  2. gamefly free trial

    June 1, 2019 at 11:42 pm

    My brother suggested I might like this blog. He was totally right.

    This post truly made my day. You can not imagine just how much time I had spent for this info!
    Thanks!

  3. top 100 ps4 games list

    June 7, 2019 at 6:25 pm

    Hmm is anyone else experiencing problems with the
    pictures on this blog loading? I’m trying to figure out if its a problem on my end or if it’s the blog.
    Any suggestions would be greatly appreciated.

  4. gamefly free trial

    June 8, 2019 at 3:13 am

    At this time it seems like Drupal is the preferred blogging platform out
    there right now. (from what I’ve read) Is that
    what you are using on your blog?

  5. http://tinyurl.com/

    July 1, 2019 at 2:54 pm

    Magnificent beat ! I wish to apprentice whilst you amend your website, how can i subscribe for a blog web site?
    The account aided me a appropriate deal. I had been tiny bit familiar of this
    your broadcast provided shiny clear idea

Leave a Reply

Your email address will not be published.