NEWS

Imyaka 10 iraheze Ernest Manirumva agandaguwe.

on

Kuri uyu musi wa 9 Ndamukiza 2019 haramutswe hibukwa imyaka 1o uwahora akora mw’ishirahamwe rijejwe kurwanya gusesagura no kunyuruza ubutunzi bwa Leta, Ernest Manirumva, agandaguwe mw’ijoro ryo ku wa 8 rishira uwa 9 Ndamukiza 2009.

Abaharanira agateka ka zina muntu bari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike ariko atacemewe na leta y’Uburundi arasaba ko hoba ubutungane kuri Eernest Manirumva.

Abatari bake bariko bandika kuri Twitter akajambo ngo #Justice4Manirumva kugira bibutse na cane came ubutungane bw’Uburundi ko ataco burakora inyuma yiyi myaka icumi Ernest Manirumva agandaguwe.

Mwomenya ko abahinga ba ONU bakoze amatohoza yitondwe basanga Ernest Manirumva yagandaguwe ariko akora amatohoza ku bigwanisho vyariko bigurishwa hanze y’igihugu ku murwi FDRL, nk’uko Pacifique Nininahazwe abimenyesha.

Na OLUCOME irongowe na Gabriel Rufyiri nubu yasohoye itangazo rivyura iyo dossie ya Manirumva yakoreweko cane nubu ikaba itarashirwa ahabona hama abagirizwa babazwe n’ubutungane.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply