INTERNATIONAL NEWS

Imvugo Z’Intambara Hagati ya Donald Trump na Kim Jong Un.

on

Ejo ku musi wa kabiri,umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe Za Amerika,Donald Trump yavuze ati:” Koreya ya Ruguru Izorwanywa N’Umuriro N’Uburake, eka ububasha budasanzwe Isi itari bwigere ibona mu gihe yobandanya gutera ubwoba Amerika”.

Kim Jong Un, atwara Koreya ya Ruguru,nawe yaciye amenyesha uyu musi wa gatatu inyuma yiyo mvugo ya Trump ati: “Turiteguriye gutera Ikirindiro ca Gisirikare ca Amerika, muri Pacifique,arico Guam”.

Ico kirindiro ca Gisirikare ca Amerika gikomeye kikaba kiri nko ku bilometero 3500 uvuye muri Koreya ya Ruguru.

Aba bategetsi babiri bashobora gukwegera isi amakuba adasanzwe

Iperereza rya Amerika CIA ryatangaje ejo ko ubu Koreya ya Ruguru ifise ububasha bwo gushira ikirwanisho c’ubumara kuri missile maze kigashikira ubutaka bwa Amerika nko ku bilometero 10 000.Uko biri kwose, buramaze kugaragara ko Koreya ya Ruguru yahambije ibindi bihugu nka Amerika,Uburusiya,Ubushinwa,Ubwongereza,Ubufaransa,Ubuhinde mu bihugu bifise ibigwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.Aho Uburusiya bukaba bufise 7000 mu gihe Amerika ifise 6800.

Imvugo zivyura intambara ziranga abategetsi babiri ba Amerika na Koreya ya Ruguru zirateye ubwoba cane ku buryo mu bihugu bitari bike vyo muri Aziya nka Koreya y’Epfo n’Ubuyapani aho nko mu Buyapani batanguye imyimenyerezo yo kwikingira ibitero vya missile nkuko no mwizinga rya Hawaii rikukira Amerika basanzwe bakora iyo myimenyerezo.

Ariko rero Abashakashatsi bamaze kugaragaza ko Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zititeguye neza gutera Koreya ya Ruguru.Kubera ko Koreya ya Ruguru isanzwe ifise ibibanza vyo mu kuzimu bihanitse birasa ama missile,abo bashakashatsi barabona ko Amerika igikeneye kwitegura neza mu kurungika ibikoresho bikwiye mwizinga rya Koreya hamwe no kubanza gukurayo abanyagihugu ba Amerika muri Koreya y’epfo n’Ubuyapani.

Eka kandi abihweza ibintu nibindi,mu gihe Koreya ya Ruguru yotera Ico kirindiro ca Gisirikare ca Amerika Guam, yoba ari intango y’intambara,maze hakagaragara uwukomeye hagati yabategetsi babiri baguma bakora ingwano y’amajambo.

Recommended for you