Mu gihe kuri uyu wa kane w’iy’indwi turiko tusozera ariho ikigo ISTEEBU kijejwe gutororokanya ibiharuro mu Burundi gitangarije ko ibice birenga gato 40% vy’ingo zo mu Burundi zirirwa zitaronse ico zifungura, Ico kigo nyene caraye cisubiyeko mu kuvuga ko abantu babitahuye nabi ko ahubwo mu matohoza bakoze, basanze imiryango ingana n’ibitigiri 40,2% harabaye igihe umuntu umwe wo muri uwo muryango amara umusi wose atarose ico afungura kubera ko yabuze amafaranga canke ayandi mikoro. Mw’ico cegeranyo ca ISTEEBU, Intara ya Ngozi ikaba ariyo iza kw’isonga mu bwinshi bw’abantu batagira ico bashira ku munwa.
Umuyobozi mukuru w’ikigo ISTEEBU , Ndayishimiye Nicolas akavuga ko itohoza bakoze ryerekeye ingene ingo n’imiryango bibayeho mu gihugu c’uburundi mu mwaka wa 2019-2020, ryashizwe ahabona kuwa 30 Ruheshi 2022. Iryo tohoza rikaba ryakorewe ku kiringo kingana n’amezi 12 aheze , basanze mu miryango ingana n’ibitigiri 40,2%, harabaye igihe umuntu umwe wo muri uwo muryango amara umusi wose ataco afunguye kubera amikoro make n’ukubura amafaranga .