NEWS

Impunzi Zo Mu Nkambi y’Impunzi Ya Nduta Muri Tanzaniya Ntizorohewe.

on

Ku musi wa mbere itariki 14 Myandagaro 2017, impunzi z’abarundi zarakoze imyiyerekano mu nkambi ya Nduta muri Tanzaniya biyamiriza uko baronka ibifungurwa bike cane. Amakuru ava muri Tanzaniya akamenyesha ko abantu babiri bahasize ubuzima hama amazu araturirwa ayandi arononekara. Impunzi zo muri Tanzaniya zahora zironswa ibiro nka 10 ku kwezi vy’ifu y’ibigori, ariko ubu bakaba baronswa ibiro biri munsi ya bitanu ku kwezi.

Nkuko tubikesha amakuru ava muri tanzaniya, ejo ku musi wa kabiro mu gitondo izo mpunzi zazindutse zirahamba uwabo yaguye mu mishamirano yabaye hagati y’abapolisi n’impunzi. Umugabo yabuze umukenyezi wiwe avuga n’agahinda kenshi ko ‘umukenyezi wiwe yahitanywe na vya vyuka bikorora amosozi vyatewe n’abapolisi bo muri iyo kambi kuko vyabangamiye amagara yiwe maze aracikana’.

Impunzi z’abarundi nyishi zibayeho nabi mu makambi y’impunzi.

Muri iyo myiyerekano nyene, harakomeretse abantu 50, maze 25 muri bo bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vya Médecins Sans Frontières vyo muri iyo kambi ya Nduta.

Uretse abahasize ubuzima n’abakomeretse muri iyo mishamirano hagati y’abapolisi nizo mpunzi, ama grenades atera vya vyotsi bikoroza amosozi yaratumye amazu yononekara cane maze ibiri indani birasha, gushika naho abari mu nzu imwe bakomeraka. Ako kajagari kakaba katumye ibikorwa bitabandanya neza muri iyo kambi ya Nduta kuva ejo ku musi wa kabiri. Iyo kambi ikaba irimwo impunzi z’Abarundi bashika 150 000 bahunze kuva muri Ndamukiza 2015.

Recommended for you