NEWS

Impunzi zo mu nkambi ya Nyarugusu zabujijwe gukora akazi na kamwe!

on

Impunzi ziri mw’ikambi ya Nyarugusu(abakongo n’abarundi) muri Tanzaniya ntizemerewe gukora canke kudandaza guhera ku wa 08/09/2019.

Nkuko itangazo ry’umukuru wiyo kambi ryagiye ahabona ribivuga, impunzi zose ziri mwikambi ya Nyarugusu ntizemerwe gukora ikintu na kimwe guhera  umusi w’ejo wa ungu

Iryo tangazoa rikameneysha ko uwuza gufatwa ari mw’isiko canke mu kazi ako ariko kose azoca atwarwa mu gasho gufungwa.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho habaye amasezeranuo hagati y’Uburundi na Tanzania yo guhungura impunzi z’Abarundi zose zabishaka canke zitabishaka.

Urwandik rw’ibanga rwabonywe na Amnesty International rwamenyesheje ko uguhungura impunzi z’Abarundi muri Tanzania ari ibitegerezwa kuba vuba maze bigatungura vuba cane mu kwezi kuza kwa Gitugutu.

mwonenya ko amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu yiyamirije ingingo ya tanzania n’Uburundi maze agasaba ko ugutahukana ku nguvu impunziz’Abarundi vyohagarara.

Soma iryo tangazo hano hepfo:

Recommended for you