NEWS

Impunzi z’abarundi zo Muri Kongo Ziriyarimiriza Ibura Ry’imfashanyo.

on

Impunzi z’abarundi ziri mu nkambi y’imfatakibanza ya kamamyola mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasiya Kongo baridoga bavuga ko ata mfashanyo bariko bararonka inyuma y’aho bankiwe kwandikwa mu buryo bwa none(Enrigistrement biometrique).

Itangazamakuru AFP rimenyesha ko ‘izo mpunzi zitararonka imfashanyo ihabwa impunzi ivuye muri HCR kuva itarki 1 Nzero 2018’. Izo mpunzi zikaba ziri mu mugwi wiyitirira abanyawanyi ba Zebiya, uwuvuga ko yama yabonekewe na Mariya, kandi bakamenyesha ko bahunze uburundi kubera uruhamo.

Abaserukira ikambi ngaho muri Kongo baremeje ko izo mpunzi zitakironka imfashanyo, ariko bakaba badatanga impamvu.Umuserukizi wa HCR mu karere,Andreas Kirchhof yamenyesheje AFP ko “impunzi zimwezimwe zabajijwe ibibazo” ,mu gihe avuga ko habaye “ukudakorana neza” n’abategetsi batanga ubuhunzi ku mpunzi.

Uwuserukira uwo murwi w’impunzi, Francoise Ndayisenga, yamenyesheje ati: “ >Ntituzokwemera iryo yandika ryo mu buryo bwa none naho badushirako umukazo umeze gute kubera ko ivyo twemera mu vy’idini ribitubuza…kugira tubandanye kubaho, turagurisha utundu duke dufise ku bantu baha, nk’ibikoresho vyo mu gikoni, impuzu, amaradio na televiziyo n’ibindi”.

Uwo murwi w’impunzi z’Abarundi zishika 2000 ukaba uri mu nkambi ya Kamamyola mu bumanuko bwa Kivu ku mupaka n’Uburundi. Ukaba umenyesha ko wahunze abapolisi b’uburundi babarasa I businde, mu ntara ya Kanyanza.

Recommended for you