Kuri uyu wa mbere, Intumwa za Leta y’uburundi zaragendeye impunzi z’abarundi ziri mu gisagara ca Kigali mu gihugu c’urwanda zizisaba gutahuka mu gihugu c’uburundi kuko hari amahoro . Uwaserukiye izo mpunzi ,Patrice Ntadohoka yasavye izo ntumwa kuja kubwira Leta ko kugira bahunguke hoba ishirwa mu ngiro ry’urubanza ruheruka gusomwa na sentare y’akarere ka EAC ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza kitari cisunze amategeko hamwe rero no gukuraho imitahe yafatiwe bamwe mw’izo mpunzi .
Patrice Ntadohoka amenyesha ko hari ivyo babwiye izo ntumwa zarungitswe na Leta y’uburundi zozo zitari zizi ku bijanye n’ibishikira impunzi zitahuka mu gihugu , akavuga ko hari zimwe zishwe, izindi ziraburabuzwa zihitamwo kugaruka gusaba ubuhungiro mu Rwanda.
Uwo aserukira izo mpunzi zituye mu gisagara ca Kigali amenyesha kandi ko kugira impunzi zitahuke mu gihugu c’uburundi ziyumva ko zitekaniwe harimwo ivyo Leta y’uburundi ibanza gusabwa gukora nko :Gushira mu ngiro urubanza ruheruka gucibwa na Sentare ya Afrika y’ubuseruko ku bijanye n’ikiringo ca Gatatu ca Petero Nkurunziza kitari cisunze amategeko, ukwubahiriza amasezerano ya Arusha, Gukuraho imitahe yafatiwe bamwe mw’izo mpunzi hamwe no gusubiza amatungo yanyazwe izo mpunzi nk’amazu, ama ″parcelles‟ , kwugurura amakonte yo mu ma banki yugawe hamwe no kwugurura kandi amashirahamwe bakorera yugawe. Izo mpunzi zikaba zeretse izo ntumwa za Leta y’uburundi ko zipfuza gutaha ariko ko izo ntambamyi zikihari bikigoye ko zohunguka.
Bikaba bitegekanijwe ko kuri uno wa kabiri izo ntumwa za Leta y’uburundi zirongowe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu , Andre Ndayambaje ari kumwe n’umuyobozi mukuru ajejwe ibibazo vy’impunzi m’ubwo bushikiranganji, ba buramatari b’intara za Bururi, Kirundo na Kayanza , zigendera ikambi y’impunzi iri Mahama ari nayo irimwo impunzi nyishi z’abarundi zahungiye mu gihugu c’urwanda. Izo ntumwa zikaba zizotahuka mu Burundi kuri uyu wa gatatu .