NEWS

Impunzi Z’Abarundi Zirenga 60 000 Zizohungurwa Muri Uyu Mwaka Wa 2018.

on

Umwunganinizi mu Bushikirangaji bw ‘intwaro yo hagati mu gihugu, Terance Ntahiraja, yamenyesheje ku musi wa kabiri itariki 2 Nzero 2018 ko impunzi zirenga ibihumbi mirongo itandatu zizohungurwa muri uyu mwaka wa 2018 hifashishijwe Ishirahamwe rya ONU ryitaho impunzi kw’isi HCR.

Mu kiganiro yatanze, Terance Ntahiraja, yamenyesheje ko Uburundi bwumvikanye na HCR ku bijanye no gushira mu ngiro uyo mugambi ku bijanye no guhungura impunzi z’abarundi zahungiye mu bihugu bibanyi kuva intureka zitanguye muri Ndamukiza 2015. Yamenyesheje ko Uburundi buhimbawe n’igitigiri c’impunzi z’abarundi zahungutse mu mwaka wose uheze, ko « bitari vyitezwe ».

Ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya vyarakoze inama nyabutatu na HCR ku wa 29 gushika 31 Myandagaro 2017 i Dar Es Salaam, inama yari ifise intumbero yo kwongereza igitigiri c’impunzi z’Abarundi zihunguka ziva muri Tanzaniya, maze bikaba vyatumye gushika ku wa 31 Kigarama 2017 haba « hahungutse abarundi bashika ku 13 000 » ; ivyo navyo bikaba ‘vyaranezereje abategetsi b’Uburundi’ , nk’uko Ntahiraja yabimenyesheje.

Ku bijanye n’impunzi z’Abarundi ziri mu nkambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda, abashika 300 baramaze guhunguka mu kinyegero. Yamenyesheje ko igihe bashitse bakirwa neza maze bagafashwa neza nk’abandi Braundi.

« Turafise umugwi w’impunzi uhitamwo gutaha ku bushake bwabo batarinze guca muri HCR. Ariko rero, nta mfashanyo baronka ya HCR, ariko rero Leta y’Uburundi irabakira ikongera ikabasha », niko Ntahiraja yamenyesheje.

Recommended for you