NEWS

Impunzi z’Abarundi Zifungiwe i Uvila Muri Kongo Zisaba Kurekurwa.

on

Inyuma yhaho habereye intureka mu gibhugu c’Uburundi, vyaratumye abarundi batari bake bahungira mu bihugu bibanyi n’Uburundi nka Tanzania, Kongo, Urwanda n’Ubuganda.

Mu gihugu kibanyi ca Kongo, na cane cane mu gace ka Uvila, hari amakuru yashikiriye ikinyamkuru UBM News kohari impunzi z’Abarundi zifungiwe i Uvila kandi ko zibayeho mu magume adasanzwe.

Umwe muri bo bafungiwe aho i Uvila yatumenyesheje ko bashaka ko barekurwa hama bagataha mu Burundi kuko babayeho nabi cane. yagize ati: “Twebwe turi Abarundi b’impunzi benshi dufungiwe muri Kongo I Uvira, tukaba dufunganywe n’abandi batari bwaronke ivyangombwa vyo kwitwa impunzi”, niko umwe muri abo bafunzwe yatumenyesheje.

Abandanya gutya: “Turifuza ko dutahukana tugasubira mu gihugu catwibarutse . Abenshi muri twebwe badukuye mu nkambi y’impunzi iri Muri Kongo Muri Sud-kivu; bakadufunga ataco tuzira.”

Isoko ry’iyi nkuru rikaba rimenyesha ko abo barundi bafshwe nabi cane. “Baradufashe nabicane , bakadufunga Kugira badusabe amahera…Ikintu nyamukuru turifuza ukuntu twotahukanwa Mugihu Natwe Twitegurire Amatora Ya 2020 Hamwe Nimiryango yacu Yose Iri Munkambi Irifuza Gutaha .Natwe Aha turi Ntituronka Nibifungugwa Dusigaye Turya Ibishishwa Vy’ibijumbu Nibintu bibabaje gose…”

Recommended for you