NEWS

Impunzi z’Abarundi muri Tanzaniya Zirafise ubwoba bwo guhungurwa ku nguvu.

on

Inyuma y’aho habereye inama nyabutatu hagati ya Tanzania, Uburundi na HCR ku bijanye no guhungura impunzi z’abarundi ziba muri Tanzania, ubu impunzi ziba mu makambi atatu ariyo Nyarugusu, Nduta na Mtendeli bafise ubwoba ko bashobora guhungurwa ku nguvu.hakaba hari n’amakuru avuga ko izo mpunzi zishobora guhungurwa imbere y’amatora ya 2020.

Hagize imisi haba amanama hagati y’abarongoye intara ya Kigoma n’impunzi aho ata bindi babwirwa atari ugutaha mu Burundi vyanka vyakunda. Impunzi zimwe zimwe ariko zikabona ko Tanzania ariko yamye mu bijanye no guhungura impunzi ku nguvu. HCR yyo ikaba itaratangura guhimiriza impunzi ngo zitahuke mu Burundi gushika n’ubu.

Impunzi imwe yahoze iba mu nkambi ya Mtabila muri Tanzania ariko igahungurwa ku nguvu mu mwaka wa 2012, ariko ubu akaba yarasubiriye guhungira muri Tanzania arafise ubwoba ko ivyabaye mu mwaka wa 2012 ku mpunzi z’Abarundi mu nkambi ya Mtabila ‘bisubira kugenda gutyo’.

Mu kwezi kwa Myandagaro 2017, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu wa Tanzania, Nguigulu Nchemba yamenyenyesheje ari mu nkambi ya Nduta amajambo y’iterabwoba ati : “Impunzi z’Abarundi zanse guhunguka, nzoyaga n’umushikiranganji wo kwivuna abansi arungike imodoka za gisirikare zishombe impunzi gushika mu Burundi”.

Mwene iryo terabwoba ntiryijana kubera ko impunzi zimwe zimwe kubera ugutinya gutahuka mu Burundi baca bahitamwo gufata ingendo ndenede zirimwo akaga zija mu bindi bihugu nka Uganda, Zambia, Kenya na Malawi, aho usanga bagenda ari nko kwiheba.

Recommended for you