NEWS

Impunzi z’Abarundi muri Tanzania zisaba ONU kuzigarukirako

on

Impunzi z’Abarundi ziba mu gihugu ca Tanzania kuva mu mwaka wa wa 2015 zirasaba ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryozigarukirako kubera ko ubuzima zibayemwo bubandanya bwunyuka gose.

Ivyo bishitse inyuma yaho ubutegetsi bwa Tanzania bufatiye ingingo yo kubomora no gusambura isoko nkuru impumzi zo mu nkambi ya Nduta zahora zikoresha mu kwironsa ivya nkenerwa.

Abatagetsi ba Tanzania basambuye iyo soko yo mu nkambi ya Nduta kubera ko ‘bibujikwe gukora urudandazwa urwo arirwo rwose mu nkambi ya Nduta’.

Nk’uko RFI ibishira ahabona, leta ya Tanzania yafashe iyo ngingo yo gusambura isoko y’impunzi muri Tanzania itabwiye ishirahmwe HCR ryitaho impunzi.

HCR ikamenyesha ko ata makuru ifise yo gusamburwa kw’iyo soko nkuru ya Nduta, gutyo Tanzania ikaba yabikoze yonyene.

Ivyo vyo gusambura amasoko bikaba biri mu mugambi wumvikanyweko na leta y’Uburundi na Tanzania kugira ngo impunzi z’Abarundi zihungurwe mu Burundi zaba zabishaka canke zitabishaka.

Recommended for you