NEWS

Impunzi z’Abarundi muri Tanzania zirabangamiwe.

on

Muri iyi misi ya vuba haravugwa amakuru y’uko impunzi z’Abarundi ziri mu nkambi y’impuzi zihohoterwa cane, kandi ko  hakorwa ibitero vy’abitwaje ibirwanisho kuri izo mpunzi.

Ikambi ibangamiwe nibitero ni ikambi ya Nduta isanzwe ifise hafi 100 000 vy’impubzi zahungiyeyo kuva mu mwaka wa 2015.

Igipolisi co muri Tanzania kiremeza ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho yinjira mu muri Tanzania kandi ivuye i Burundi maze igakora ibitero muri iyo kambi.

Hakaba hari n’amakuru avuga ko hari mbere n’abahasiga ubuzima, abakenyezi bagafatwa ku nguvu.

Ikinyamakuru kimwe kikaba kiriko kiratabariza izo mpuzzi z’Abarundi ziba mu nkambi ya Nduta mu gusinya ku gisabo cashize kuri Internet kugira hatabarizwe izo mpunzi z’Abarundi.

Ushobora gutanga ijwi ryawe kandi utamenyekana biciye ngaha kuri uwu muhora.

Recommended for you