NEWS

Impunzi Z’Abarundi I Kamamyola Ziragabishwa.

on

Impunzi z’abarundi ziri mu nkambi y’impunzi y’i Kamamyola mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, mu buseruko bw’ico gihugu, zaraye zigabishijwe ko zitemeye kwandikwa mu buryo bwa none(biometrie) zishobora guhura n’ingaruka zavyo kubera ukutubaha ubukuru.

Izo mpunzi, nyinshi muri zo ziri mu bagize umurwi w’abayoboke ba Zebiya birukanywe mu Burundi kubera insengo yabo yarwanijwe, basanzwe batemera ibijanye no kwandikwa mu buryo bwa none kubera ‘ ivyo bemera mu vy’idini ryabo’.

Izo mpunzi kandi ziheruka kubura benewabo bashika 39 bahitanwe n’intureka mu kwezi kwa Nyakanga 2017 aho abasirikare ba Kongo barashe amasasu yica abo Barundi barondera ubuhungiro.

Ubutegetsi bwo muri ako karere bukaba busaba ko izo mpunzi zoba zanditswe bitarenze ku musi w’ejo wa gatatu atari uko naho hafatwe izindi ngingo ruhasha.Izo mpunzi zikaba zitekewe n’ubwoba n’ibizokurikira ku musi wa gatatu.

Umukuru w’izo mpunzi akaba yamenyesheje Radiyo y’Abafaransa RFI ko ‘izo mpunzi ziriko ziterwa ubwoba ko zitemeye kwandikwa mu buryo bugezweho( biometrie), iyo kambi izoca isamburwa’. Izo mpunzi zibaza iyo zizoca zitera zija.

Recommended for you