NEWS

Impunzi z’Abarundi 37 000 ziramaze gutahuka ziva Tanzania.

on

Ku makuru tugezwaho n’ikinyamakuru co muri Tanzania, The Citizen, impunzi z’Abarundi zishika ku 37 000 ziramaze gutahuka mu gihugu c’amavukiro mu Burundi kuva muri Nzero gushika muri Nyakanga 2018.

Abo bakaba bari mu 70 000 bategerezwa guhungurwa uyu mwwaka nk’uko Inama nyabutatu yabaye hagati ya HCR, Tanzani n Uburundi yari yumvikanyweko.

Ariko rero biraboneka ko ari igice gusa c’impunzi cahugutse uravye ivyo bari biteze. Umufasha mu bushikiranagnji bw’intwaro yo hagati mu Burundi, Therance Ntahiraja yamenyesheje ko ivyo vyose bitumwa n’uko HCR ‘idafise uburyo bukwiye kugira impunzi zihunguke’.

Biragarara ko HCR isa niyakehaniwe nukwo itunganya ico kibazo co guhungura impunzi kubera ko impunzi nyinshi mu makambi ya Tanzania ziriyandikisha ngo zitahuke mu Burudni ariko bigasabwa ko zirindira igihe kinini kugira ngo zishobore gutahuka.

Bamwe baca bahitamwo kwitahira mu Burundi n’amaguru nk’uko bimaze kwibonekeza mu duce tutari duke duhana imbibe na Tanzania, nka Makamba mu bumanuko bw’Uburundi.

Recommended for you