NEWS

Impunzi z’abanyalybiya zirabandanya gushika mu Rwanda

By

on

Kur’uyu wa mbere umurwi munini w’impunzi washitse ku kibuga c’indege c’i Kigali. Ubaye umurwi ugira gatatu w’impunzi z’abanyalybia bashitse mu gihugu c’Urwanda. Murizo mpunzi hakaba harimwo n’abanyasomalia, abo muri Erythrée.

Izompunzi zica zijanwa mu kigo baziteguriye aho bita Gashora. Ico gikorwa Urwanda rukaba rugifatanya n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.  Eka n’Ubumwe bwa Buraya bukaba baratanze amahera menshi kugira izo mpunzi zishikanwe mu gihugu c’Urwanda.

Abo benegihugu bakaba batanguye gushwiragira inyuma yaho hiciwe umukuru w’igihugu ca Lybia, Mouammar Kadhafi. Hakaba haciye haduka imirwii yitwaje ibigwanisho igwanira muri Lybia.  Iyo mirwi yose igashaka utwara ico gihugu ca Lybia igashaka kwigarurira n’ubutunzi cane cane igitoro kiri mur’ico gihugu.

Recommended for you