NEWS

Impunzi z’Abarundi Muri Kongo Zisaba kwimurirwa ahandi.

on

Mu rugendo arimwo uwuserukira ishirahamwe ryitaho impunzi muri Kongo, HCR, Paul Grandi, impunzi z’abarundi zishika ku 30 000 zarashikirije umwitwarariko wazo uwo mutegetsi ko ‘zokwimurirwa mu kandi karere’ kubera ku bwazo zibona ko “ziba mu karere kakamwo umuriro”.

Izo mpunzi z’Abarundi zahunze mu mwaka wa 2015 ziri mu nkambi ya Lusanda mu ntara ya Sud-Kivu zimenyesha ko akarere zibayemwo kama kabereyemwo imigwano, kuzuyemwo abarobeli.

Impunzi imwe yavuze iti: “Hano tubayeho mu mutekano muke cane…twuzuwe n’ubwoba, igihe bwije, ni amaganya, bukeye naho, ntitumenya ko umusi tuwurangiza neza turi bazima…Birabereye ko twimurirwa mu kindi kibanza gitekanye, twarushe...”

Izo mpunzi zikaba zagiriyeko zisaba uyo mutegetsi wa HCR, Paul Grandi, ko hokorwa ibishoboka vyose ‘zironswe ubuhungiro mu kindi gihugu kigira gatatu’.

Naho Paul Grandi yemeye ko ico kibazo kizwi kandi ‘kigoye’, yarashimitse nyabuna kuri kazoza kizo mpunzi, aho yamnenyesheje ko igihambaye ari ugukora cane kugira baronke ibibabeshaho mu kurindira ko bataha ku bushake mu gihugu c’amavukiro.

Icipfuzo canke n’uko ico gihe[co gutaha ku bushake mu Burundi] gishika, niko Paul Grandi yamenyesheje.

Recommended for you