NEWS

Impari Ziracahari Ku Bijanye N’Itorwa Rya Martin Ngoga.

on

Uburundi bwitwaye muri Sentare y’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (East African Court Of Justice,EACJ) ku bijanye n’itorwa Leta y’Uburundi ivuga ridaciye mu muco rya Martin Ngoga kuba umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya EAC( EALA).Uburundi bushaka ko sentare y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko itegeka ikurwaho rya Martin Ngoga.

Nk’uko itangazamakuru The East African ribimenyesha, ingingo y’Uburundi yo kwitwara muri sentare nkuru ya EAC isobanura ko Abashingamateka b’Uburundi bari mu Nama nshingamateka ya EAC bazokwitaba urwo rubanza, kandi ko impari zihari ku bijanye n’ico kibazo zishobora guhera.

Victor Burikukiye, umwe mu bahagarariye Uburundi muri EAC, yavuze ko Leta y’Uburundi yategetse abashingamateka baserukira Uburundi muri EAC ‘kuzokwitaba urwo rubanza kiretese Leta ibabujije’. Uburundi bukaba bwasavye Sentare ya Afrika y’Ubuseruko gutanga umuco nimba Martin Ngoga yoba yatowe mu muco wose Uburundi na Tanzaniya bitahari.

Soma kandi: Museveni Ariyamiriza Ukugwanira inzego Muri EAC

Ariko rero mwibuke ko Museveni ubu ahagarariye EAC yamaze kumenyesha aho ahagaze ko Urwanda rubereye kuba umuvugizi w’Inama nshingamateka ya EAC kubera ko Uburundi nabwo bufise umunyamabanga wa EAC, kandi akaba yariyamirije bimwe bikaze ivyo kugwanira ibibanza muri EAC.

Uburundi n’Urwanda kuva 2015 ntibicana uwaka mu vy’imigenderanire. None ubu naho Uburundi biboneka ko butagiye kubona kumwe ibibazo bimwe bimwe na Museveni wa Uganda…ni aho kurindira ico Sentare ya EAC izozana muri rwo rubanza.

Recommended for you