NEWS

Impamvu izi na ziriya zituma Leta y’Uburundi ititaba Inama ya EAC.

on

Mu gihe hategekanijwe inama idasanzwe y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko izotangutra ejo ku wa 30 Munyonyo 2018, ibihugu vya EAC biriyemeje kuyikora naho Uburundi bitaragaragara neza ko buzokwitaba.

Uwuhagarariye EAC muri kino gihe, Yoweli Kaguta Museveni, akaba yiyemeje gukora iyo Nama ya EAC nahO leta y’I Bujumbura itoserukirwa.

Ivyo ni mu gihe Museveni yankiye mugenziwe Nkurunziza ko iyo nama idashobora kwigizwa inyuma na gato nk’uko Uburundi bwabisavye.

Ikinyamkuru co mu Buganda Chimp Reports kirashira ahabona impamvu zimwe zimwe zituma Leta ya Pierre Nkurunziza ititaba iyo nama ya EAC.

Imwe mu mpamvu yiyumvirwa ituma leta y’Uburundi itazowkitaba iyo nama n’uko vyitezwe cane ko igihugu c’Urwanda arico gihabawa amahirwe menshi yo kuba umuhagarikizi wa EAC.

Ivyo navyo vyobonwa na leta y’Uburundi isanzwe itumvikana n’iyu Rwanda ko bitohimbara. Iyo nimwe mu mpamvu zituma Bujumbura ititaba Inama, nk’uko ico kinyamakuru kibimenyesha.

Uko vyogaragara n’uko Umushikiranganji w’imigenderanire w’Urwanda n’amakungu, Richard Sezibera ariwe yoca afata igiti co guhagarikira Inama Nshikiranganji ya EAC. Ivyo navyo vyotuma Bujumbura itumva yisanze.

Iyindi mpamvu ni ivyabaye mu 2015 aho Pierre Nkurunziza yaro yitavye iyo nama nyene muri Rusama 2015. Ivyabaye ari muri iyo nama nuko haciye haba umugwi w’abantu waciye ugerageza kumukura ku butegetsi biciye ku nguvu. Bati igiti ntikigukora mu jisho kabiri.

None ubwo Inama ya EAC itegekanijwe ejo izoba leta y’i Bujumbura itarimwo?Uko bibri kwose, nta kimenyesteo na kiwme cerekana ko iyo nama izosiba canke ngo yigizwe inyuma kuko abakuru b’ibihugu batari bake ba EAC nka Magufuli wa tanzania aramaze kumenyesha ko iyo nama azoyitaba ata gihinduka.

Recommended for you