NEWS

Imiryango y’abanyamurenge biciwe mu Gatumba basaba ubutungane kubatunganiriza

By

on

Haraheze imyaka 11 abantu bashika 166 bo mu bwoko bw’abanyamurenge n’ababembe biciwe mu Gatumba, bakaba bari impunzi zari zahunze imirwano yo mu gihugu ca Congo. Kur’uyu wa kabiri niho imiryango yabo bantu baza kwibuka ababo muri zone Gatumba.

Dr Lazare Sebitereko, aserukira iyo miryango, akaba yashimiye Leta y’Uburundi ko yabemereye kuza kwibuka uwo musi mubi wabahekuye ababo. Ariko akanegura ko atawuserukira Leta y’Uburundi canke ya Republika Iharanira Demokarasi muri Congo baje kubafasha urwo rubanza.

Dr Lazare Sebitereko agasaba ko Leta y’Uburundi canke ya Congo na HCR bobafasha mukubandanya urubanza rw’abishe ababo mw’ijoro ryo kuwa 12 buca ari 13 ukwezi k’umunani 2008. Uwo aserukira imiryango yababuze akavuga ko kusubiza hamwe bidatuma ubutungane budakora, akavuga kandi ko idosiye y’abishe abo bantu iheruka guhamagazwa mu 2015 ariko ubu atazi aho igeze.

Abo banyamurenge n’izindi mpunzi zo muri Congo zikaba zaciye zikurwa kumupaka w’Uburundi uhana n’igihugu ca Congo bajanwa mu ntara ya Muyinga. Ivyari gukorwa imbere yuko iryo bara rirwa nkuko amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi abivuga ko arukwigiza kure y’imipaka impunzi zihunze intambara.

Recommended for you