Thursday, December 1, 2022
HomeNewsImiriyoni zirenga gato 45 z'amadorare nizo abarundi baba hanze binjiza mu gihugu...

Imiriyoni zirenga gato 45 z’amadorare nizo abarundi baba hanze binjiza mu gihugu ku mwaka ku mwaka.

Imiriyoni zirenga gato 45 z’amadorare y’abanyamerika nizo abarundi baba hanze binjiza mu gihugu c’uburundi ku mwaka ku mwaka. Biri mu cegeranyo casohotse mw’uku kwezi kw’indwi c’ishirahamwe rihurikiyemwo abimukira b’abarundi babaye mu bihugu vyo hanze. Ico cegeranyo gisaba ariko Leta gukuraho intambamyi zituma bamwe mu barundi badebukirwa mu kwubaka igihugu cabo.Des dollars américains (illustration)

Zimwe mu ntambanyi ico cegeranyo kivuga ni uko abo bimukira batwarwa mu vya politike , iyo nayo ikaba intambamyi muvy’iterambere. Abategetsi bakuru bakuru bamye bafata abo barundi baba hanze nk’abarwanya ubutegetsi buba buhari, eka mbere bakabonako ata ciza gishobora kubavamwo. Iyindi ntambamyi  nuko abo barundi bakumirwa gufata ingingo za politike n’iz’ubutunzi . Mu Burundi nta kibanza bahabwa , amanama aba buri mwaka ashimikira cane cane ku vyiyumviro vy’ubutegetsi n’ivy’umugambwe uri kuri ubwo butegetsi. Benshi mu bitabira ayo manama ntaco bashikiriza kinegura ibiba vyavuzwe .

Muri ico cegeranyo, haravurwa kandi intambamyi ijanye no kudatunganya neza ibijanye n’amafaranga. Ku bantu bangana ibihumbi 321, uburundi bwoshoboye kuronka imiriyoni 591 z’amadorare y’abanyamerika ku mwaka aho kwinjiza imiriyoni 45 ironka muri kino gihe buri mwaka iyo izo ntambamyi zitaba zihari.

Izo miriyoni 591 z’amadorare yababa imfashanyo igihugu kironka mu vyerekeye iterambere . Ayo nayo akaba yangana na miriyoni 600 z’amadorare  mu mwaka wa 2017.

 

 

 

 

Must Read