NEWS

Imiliyoni 25 Y’Amadolari Niyo IFAD Yafashije Uburundi Mu Bijanye No kwiteza Imbere.

on

Igihugu c’Uburundi giheruka gusinya amasezerano n’Ishirahamwe rijejwe kwitaho uburimyi kwisi IFAD ( International Fund for Agricultural Development) mu kuronswa na IFAD amafaranga ashika ku miliyoni 25 y’amadolari y’Abanayamerika( nk’amarundi arenga imiliyaridi 70); amasezerano arimwo gufasha imirwi y’abantu na came came abakenyezi n’abana kugira bashike ku migambi yo kwiteza imbere mu bijanye n’urudandaza.

Uyo mugambi, uwataziriwe Financial Inclusion in Burundi( PAIFAIR-B), uzotwara imiliyoni 28.6 y’amadolari kandi ukaba utegekanijwe gushikira abantu baba mu mitumba bashika ku miryango 99 000, nkuko tubikesha ikinyamakuru The EastAfrican.

IFAD ikaba itegekanya gutanga imiliyoni 24.9 y’amadolari ari amakashi bwa mfashanyo , mu gihe Leta y’Uburundi yitezwe kuzoterera ku yandi mafaranga asigaye mu gukwiza imiliyoni 28.6 y’amadolari akenewe kugirango uwo mugambi uzoje mu ngiro.

Ayo masezerano akaba aheruka gusinyirwa I Rome mu butaliyano n’Umukuru wa IFAD Gilbert F Houngbo hamwe n’Umushikiranganji w’ubutunzi n’ikigega ca Leta w’Uburundi, Domitien Ndihokubwayo.

Uyo mugambi ukazoshikanwa mu ntara 17, kandi ukaba utegekanije kuzofasha mu bijanye n’uburyo bw’amafaranga n’ibindi bikorwa kugira hatezwe imbere imigambi itari mike mu bijanye n’uburimyi hamwe niyindi itajanye n’uburimyi”, niko IFAD yamenyesheje.

Inkenero zo mu bijanye n’amafaranga yo kwiteza imbere ni nyinshi cane mu Burundi, na cane cane abahitamwo gukora imigambi y’ivy’Uburimyi mu Burundi, aho benshi bahitamwo kuza gufata “ingurane izorihwa hariko n’inyungu y’umurengera(ivyo bita mu gifaransa Usure) kugira bashobore kwiteza imbere.

Recommended for you