NEWS

Imilioni 68 yo kugombora ikiziga mu bitaro Kira.

on

Umuryango wa Alain gahungu usabwa amafaranga umurengera ashika ku miliyoni 68 y’amarundi(nk’amadolari 25 000 US $)kugira ngo ushobora kuronka ikiziga ca Alain Gahungu yapfiriye mu Bitaro vyitwa Kira Hospital mu gisagara ca Bujumbura.

Ikiziga ca Alain Gahungu kikaba cabitswe muri ivyo bitaro vya Kira Hospital kuva ku wa 3 Kigarama 2018.

Alain Gahungu akaba yari yagize isanganya y’umuduga maze ibihimba vyiwe n’ubwonko birononekara cane ku buryo ataharokotse.

MSF niyo yari yamwishinze ariko imaze kubona amafaranga ari umurengera yaciye ikura akerenge, nk’uko bamwe babivuga.

Ayandi makuru akamenyesha ko uwo muryango umenyesha ko woronka imiliyoni zibiri gusa mu marundi kugira ngo ico kiziga cabo gifubwane iteka.

Ikiziga kiraye muri Kira Hospital(muri Morgue) hasabwa amafaranga y’amarundi ashika 20 000 y’amarundi.

None leta ivuga iki kuri iyo ngingo ya Kira Hospital? Bamwe baravuga ko ivyo biba no mu bitaro vya Leta. Ariko uko biri kwose harakwiye ingingo zigenga ukwo kuntu ibitaro bimwe bimwe bikamisha ibiziga.

Umutegetsi umwe wo muri leta yavuze nk’umuhinga yamenyesheje ko umuryango wimwe ikiziga ukwiye kwitura ubutungane hama ubutungane bukaraba ico korwa kugira mgo uwo muntu afubwane iteka.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply