NEWS

Imigwi Y’Inkozi Z’Ibibi 245 Yarasambuwe Mu Mwaka Wa 2017.

on

Ubushikiranganji bw’umutekano w’igihugu c’Uburundi bwamenyesheje ko imirwi y’inkozi z’ibibi yasambuwe mu mwaka wa 2017, maze bituma igihugu kigira amahoro, nk’uko vyamenyeshejwe n’Umushikiranganji w’umutekano ariwe Alain Giyaume Bunyoni muri raporo y’umutekano kubw’umwaka wa 2017 yashikirijwe ejo ku musi wa gatatu.

Muri uyu mwaka wose wa 2017 turiko turarangiza, igipolisi cakoze imisako 12 675, muri yo imirwi y’inkozi z’ibibi 245 ikaba yarasambuwe. Ibirwanisho bicira umuriro 132 bitandukanye vyarafashwe muri iyo misako y’igipolisi”, niko Alain Guillaume yamenyesheje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Ku bwa Bunyoni, muri iyo misako y’igipolisi, ama grenadses 392 hamwe n’ibikoho binini binini 6 vyarafashwe. Akaba yabandanije amenyesha ko ibikorwa vy’ubukozi nko kugurisgha abantu, ubusuma mu mazu hamwe no gutera amagrenades vyimonogoje cane mu mwaka wa 2017. Amatones y’urumogi 18 yarafashwe hamwe n’ibiterwa vy’urumogi 1 575 bikaba vyaraturiwe.

Bunyoni yamenyesheje ko umutekano mu Burundi waryohowe mu mwaka wa 2017 ugereranije na 2016, kubera ko ibikorwa vy’ubukozi bw’ikibi vyavuye ku 400 bija ku 277, maze ibikorwa vy’iterabwoba bikaba vyavuye ku 143 mu mwaka wa 2016 bija ku 11 mu mwaka wa 2017.

Recommended for you