NEWS

Imigwano yoba ishushe mu karere ka Minembwe muri Congo

By

on

Ivyo bikaba bivugwa n’ikinyamakuru ChimReports co mu gihugu ca Uganda. Abo bita Abanyamulenge bo muri Sud-Kivu bakaba bagirizwa gushigikira umuhari CNR urongowe na General Kayumba Nyamwasa agwanya Leta y’Urwanda. Abanyagihugu baba murako karere bakaba bamenyesheje ko imigwano yatanguye mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, iyo migwano ikaba itera ikomera cane.

Bikavugwa ko abagwanyi baba mayi mayi n’ab’umuhari Red Tabara boba barahawe ibigwanisho kugira bagwanye abo banyamulenge bashigikiye abagwanyi ba CNR. Umuhari Red Tabara nawo ukaba urwanya Leta y’’Uburundi.

Abasirikare baba mayi mayi bakaba baronse itegeko ryo gusambura no guturira amazu y’abanyamulenge cane cane ku mitumba babako ya Mibunda, Tulambo na Malunde. Imirwano ikaba yarakomeye k’uruyu wakabiri mw’ijoro. ‘’ Abagwanyi babanyamulenge bakaba baradukikuje bashaka gufata ikibuga c’indege ca Minembwe aho bita Kiziba kugira bibe ibikoresho’’, bivugwa n’umunyagihugu aba murako karere.

Iyo migwano rero ikazotuma icuka kibi kibandanya kuba kinini ku mbibe Congo ihana n’Urwanda n’Uburundi kuko ivyo bihugu vyompi bishobora kurungika abasirikare babo kugira bakingire imbibe zabo nkuko ikinyamakuru ChimReports kibivuga.

Recommended for you