NEWS

Imigwano hagati ya RED Tabara n’Imbonerakure yahitanye abantu 8.

on

Mu makuru dukesha ikinyamakuru ca MONUSCO mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, Okapi, amenyesha ko abantu bashika 8 ari baguye mu mirwano yatanguye ku wa 27 Nzero 2019 yahuje abarwanyi bo mu muhari RED Tabara n’imbonerakure zegereye Ubutegetsi bw’i Bujumbura.

Mw’itangazo ryasohowe ejo ku wa 29 Nzero, abanyagihugu bo mu buce bwa Murambi na Bushongwe bariko bayerera kubera bahunze iyo mirwano ikomeye.

Iryo tanagzo, nk’uko Okapi ibivuga, rikamnyesha ko abo munani bapfuye bava mu mpande zose, hamwe n’abandi beshi bakomeretse.

Okapi ikamenyesha kandi ko abo barwanyi biraye mu banyagihugu baho muri Kongo barabanyaga urukombamazi.

Umuhari Red Tabara ukaba wahakanye mu rwandiko washizea ahabona ko utigeze uhohotera abanyagihugu bitandukanye n’uko Radiyo y’Ijwi rya Amerika yabitangaje.

Abategestsi aho muri Kongo bagasaba ko imirwi irwana iva mu bihugu nk’Uburundi n’Urwanda yoreka kubuza amahoro abanyagihugu.

Ariko hari uwokwibaza aho ingabo za leta ya Kongo na MONUSCO ziba ziri gushika yaho abanyagihugu barinda kuhabonera kubera iyo mirwano.

Recommended for you