Imigambwe MSD na PPD-GIRIJAMBO itera akamo umuryango w-ubumwe bwa buraya kugumizaho ibihano vy-ubutunzi wafatiye Leta y-uburundi. Biri mu rwandiko iyo migambwe ibiri yateyeko umukono yongera irungikira umuryango w-ubumwe bwa buraya. Iyo migambwe kwari ibiri yishimikije mu cegeranyo giheruka gusohorwa n-ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB aho ryerekanye ko agateka kazina kariko kaguma gahungabanywa ku rugero rukabije na bamwe bari mu nzego z-umutekano hamwe n-urwaruka rw-imbonerakure, rwegamiye umugambwe CNDD-FDD.
Iyo migambwe imenyesha ko ihonyangwa hamwe n-ihohoterwa ry-agateka ka kiremwa muntu bibandanya ukuri kwamye kandi atacamira. Imigambwe MSD na PPD-GIRIJAMBO ivuga icegeranyo cashizwe ahabona muri uku kwezi kwa Munyonyo n-ishirahamwe riraba ivy-agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB. Iyo migambwe kwari ibiri imenyesha ko intwaro y-umugambwe CNDD-FDD yagiye irahonyanga nkana burundu amasezerano ya Arusha yahagarariwe n-amakungu harimwo n-ubumwe bwa buraya , amasezerano yari yagarukanye ituze mu gihugu , indyane n-intambara vyari bimaze imyaka n-imyaka bikarangira.
Muri urwo rwandiko, Imigambwe MSD na PPD-GIRIJAMBO ivuga ko ibabazwa n-ingene mu ntumbero yo kurwanya ko hasubira kwaduka indyane hagati bene burundi kuva mu mwaka w-2015 , ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa afrika bagerageje utwigoro twose dushoboka ,ariko umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD ukatunigira mu menshi.
Ninayo mw-iyo ntumbero Leta y-ubudagi hamwe n-ingoma y-ububiligi bafatiye ibihano Leta yarirongowe n-umuhisi Perezida Buyoya aho hose bakaba basaba Leta y-uburundi y-ico gihe ko yoganira n-abo batavuga rumwe bitwaje ibirwanisho bayirwanya.
MSD na PPD-GIRIJAMBO irongera ikavuga ko amasezerano ya Arusha yabonetse akongera akagira ico ashitseko atari kubera yuko imihari yarwana harimwo CNDD-FDD na PALIPE HUTU FNL yarifise inguvu ku rubuga ko ahubwo ari kubera ibihano vy-ubumwe bwa buraya hamwe na Leta Zunze ubumwe za Amerika bari bafatiye Leta y-ico gihe y-umuhisi Petero Buyoya , bitumwa agondozwa aremera ibiganiro.