NEWS

Imigambwe ibiri gusa mu Burundi inyuma y’amatora y’umwaka w’2020

By

on

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi yipfuza ko imigambwe yose ikorera mu Burundi yofutwa hagasigara imigambwe ibiri ariyo CNDD FDD uri ku butegetsi, hamwe n’umugambwe UPRONA asanzwe arimwo.

Mu nama yagiranye n’abanywanyi b’umugambwe UPRONA kuri uwu wa kabiri muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke, Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko inyuma y’amatora y’umwaka w’2020, mu Burundi hazosigara imigambwe ibiri gusa ariyo CNDD FDD na UPRONA, kuko ariyo migambwe yonyene iboneka ku rubuga, nk’uko vyemezwa n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO.

Kubw’iyo ndongozi yo muri Reta y’Uburundi, iyo migambwe ibiri irakwiye muri poritike y’Uburundi, kuko abandi banyeporitike barongoye imigambwe itagira abanywanyi.

Bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe na Reta bibaza namba iyo mvugo ya Gaston SINDIMWO yoba yayitumwe na Reta y’Uburundi asanzwe arimwo, canke ko ari iciyumviro yoba yosangije wenyene.

Mu gihe woba ari umugambwe wa Reta y’Uburundi, bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bamenyesha ko intwaro rusangi yoba isezerewe mu Burundi, kandi ko ivyo ata munyeporitike yovyemera.