NEWS

Imigambwe 27 N’abigenga Yiyandikishije Ku Bw’isekeza ry’Akamarampaka.

on

Umuvugizi w’umugwi ujejwe gutegura amatora CENI, Pierre Claver Ndayicariye, yamenyesheje ejo ku musi wa gatanu mu kiganiro n’abanyamakuru ko ‘imigambwe 27 hamwe n’abigenga biyandikishije ku bwo kuja mw’isekeza ryo kurarikira abanywanyi babo kuzokwitaba amatora ategekanijwe ko ibwirizwa shingito rihinyanyurwa canke ntirihindurwe ku wa 17 rusama 2018.

Iryo sekeza rikaha ritegekanijwe gutangura ku wa 1 Rusama 2018. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu nama yakoranye n’abasitanteri b’amakomine mu gihugu yamenysheje ko hoba ‘ugufata kumwe abazohitamwo gutora “OYA” canke “EGO” muri ayo matora. Eka n’abatazogira ico babivuzeko nabo baze bafatwe kumwe n’abandi.

CENI ikaba yamenyesheje kandi ko uburyo bw’amafaranga ategekenijwe gukoreshwa mu matora yo mu 2020 azoshikirizwa leta kugira ngo Leta iyigeko gushika mu mpera y’indwi iza habe habonetse umuco.

Ariko rero, beshi barafise ubwoba ko ayo matora yimirije ashobora gusubira gutuma haba ukutizerana hagati y’Abarundi. Aho ni mugihe urunani nyamukuru rutavuga rumwe na leta y’i Bujumbura, CNARED, rwamaze kumenyesha ko ibizova muri ayi matora bitazokwemerwa na CNARED, kandi ‘bigaragara cane ko CENI izohengeka ayo matora ku bw’umugambwe uri ku butegetsi’. Urunani amizero y’Abarundi ruyobowe na Agathon Rwasa narwo rwaramaze gushira ahabona ko ibizova mu matora bishobora guhirikwa kubera ko ‘vyitezwe ko benshi bazotora “OYA“.

Recommended for you