NEWS

Imigambwe 11 ivuga ko itavuga rumwe na leta yagize ico isaba ku biganiro vyimirije.

on

Imigambwe 11 ivuga ko itavuga rumwe na leta yagize ico isaba ku biganiro vyimirije.Iyo migmabwe ikaba yandikiye Yoweli kaguta Museveni na Benjamin Mkapa, abajejwe gutunganya ivyo biganiro bihuza Abarundi babamenyesha ibijanye n’ugutegura urupapuro rw’inzira mu matora ya 2020.

Iyo migambwe ikaba imenyesha ko yiteganye umuashasharo kwubahirizwa kw’ivyateguwe muri ivyo biganiro vyo ku ncuro ya gatanu. Iyo migambwe ikaba yiyamiriza imbere y’igihe icoza cose gitandukana n’ukuyaga ku rupapuro rw’inzira rw’amatora ya 2020 muri ivyo biganiro.

Ivyo biganiro bihuza Abarundi bikaba vyitezwe kuba kuva igenekerezo rya 24-29 Gitugutu 2018 i Arusha mu gihugu ca Tanzania.

Recommended for you