NEWS

‘Imboneza Yamaho’ canke ‘Imboneza Kibirengeye Mushoboravyose’: Intambara Y’Ubuhinduzi.

on

Inyuma y’aho umugambwe uri ku butegetsi uhitiyemwo kwita umukuru w’igihugu akaba ari nawe mukuru w’Inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD, akitwa “Imboneza Yamaho”( Guide Permanent), biboneka ko habaye ico twovuga uguhindura kutatri kumwe canke intambara mu vy’Ubuhinduzi mu ndimi bikozwe n’ibinyamakuru nka vyose vyo hanze y’Uburundi.

Soma kandi:Petero Nkurunziza: ‘Imboneza Yamaho’. Twitege Intwaro Ya Cami?

Ishusho yashushanijwe na H.Burundi ku bwo gutanga insiguro’

Uhereye kw’itororokanirizo ry’amakuru AFP, amajambo Imboneza yamaho(Guide Permanent) bahisemwo kuyahindura “Imboneza kibirengeye canke mushoboravyose yamaho”( Guide Suprême eternel). Ivyo navyo bikaba vyaciye bitandukira mu binyamakuru bindi vyo kw’isi yose haba ku mugabane wa Buraya na Amerika hamwe no mu bindi bihugu vya Afrika.

Mu bisanzwe iyi mvugo ya “Imboneza kibirengeye canke mushoboravyose yamaho”( Guide Suprême eternel) yumvikanisha ko ‘uwagenywe yoba yashizwe hejuru gusumba vyose kw’isi, adashobora gupfa, ivyokwitirirwa gusa Imana Mushoboravyose Umuremyi’. Nico gituma bamwe na bamwe muri leta y’uburundi baciye bafata akanya bakiyamiriza ubwo buhinduzi bw’imvugo y’ ‘Imboneza yamaho’.

Aho harimwo nk’umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe, mu butumwa bwiwe kuri Twitter yiyamiriza ubuhinduzi bwakozwe na AFP maze buca bukoresha no mu bindi binyamakuru nka Jeune Afrique. Ariko rero, ukwo Petero Nkurunziza yiswe ntikunezera bose muri CNDD-FDD kuko nabo bashaka kuba boba aho ari. Kumbure nico gituma bamwe na bamwe bihaye Twitter mu kwiyamiriza ubwo buhinduzi.

Recommended for you